skol
fortebet

Indege nto y’Uburusiya yari yazimiye yatowe muri Norvege

Yanditswe: Monday 30, Oct 2017

Sponsored Ad

Kuri uyu wa mbere tariki ya 30 Ukwakira 2017 Indege y’Uburusiya yari yabuze kuva ku munsi wa kane, yabonetse hasi mu mazi nko ku metero 200, ku nkengero za Barentsburg.
Igipolisi cya Norvege cyatangiye gushakisha abantu munani bari muri iyo kajugujugu, nk’uko biri mu itangazo ry’igipolisi cya Norvege.
Bikekwa muri kino gihe ko abo bantu bari muri iyo ndege bose bashobora kuba barapfuye.
Norvege ifite uburenganzira budahangarwa kuri ako kazinga ka Svalbard, ariko Uburusiya nabwo buhafite (...)

Sponsored Ad

Kuri uyu wa mbere tariki ya 30 Ukwakira 2017 Indege y’Uburusiya yari yabuze kuva ku munsi wa kane, yabonetse hasi mu mazi nko ku metero 200, ku nkengero za Barentsburg.

Igipolisi cya Norvege cyatangiye gushakisha abantu munani bari muri iyo kajugujugu, nk’uko biri mu itangazo ry’igipolisi cya Norvege.

Bikekwa muri kino gihe ko abo bantu bari muri iyo ndege bose bashobora kuba barapfuye.

Norvege ifite uburenganzira budahangarwa kuri ako kazinga ka Svalbard, ariko Uburusiya nabwo buhafite imiryango ikora mu kirombe cy’amakara cya Barentsburg.

Ubuyobozi bw’indehe bw’Uburusiya muri Barentsburg, bumenyesha ko abantu batanu bakora muri iyo kajugujugu hamwe n’abahanga batatu bari batwaye iyo ndege bashobora kuba barapfiriyemwo.

Iyo ndege yazimiye ifashe urugendo ruva Pyramiden ahari ikindi kirombe cy’Uburusiya cyahebwe, ijya Barentsburg.

Ni indege mu bisanzwe yari isanzwe ikoreshwa n’ishyirahamwe ricukura amakara ry’Uburusiya Arktikugol.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Who are you?

Amategeko n'amabwiriza birkurikizwa