skol
fortebet

ONU irashinja Perezida Trump kugaba ibitero ku Itangazamakuru

Yanditswe: Thursday 31, Aug 2017

Sponsored Ad

Umukuru w’ishami ry’Umuryango w’Abibumbye ryita ku burenganzira bwa muntu, Zeid Ra’ad al Hussein, yatangaje kur’uyu wa gatatu mu kiganiro n’abanyamakuru i Geneve mu Busuwisi ko itangazamakuru ryo muri Leta zunze ubumwe z’Amerika ryugarijwe n’umukuru w’igihugu.
Yavuze, ati: “Perezida Donald Trump arimo aragaba ibitero ku itangazamakuru. Ahora avuga ko ibinyamakuru n’abanyamakuru ni abanyabinyoma gusa abatekamutwe, abantu udashobora kwizera, kandi babi gusa.”
Zeid Ra’ad al Hussein, ati: “Amagambo (...)

Zeid Ra’ad al Hussein, ati: “Amagambo agira ingaruka. Ibikorwa nabyo bigira ingaruka. Byose bigomba gukoreshwa mu bushishozi.”

Kuri we, ibyo perezida Trump akorera itangazamakuru bishobora kugira ingaruka mbi muri Amerika, ndetse no ku isi yose. Kuri iyi ngingo, Zeid al Hussein yatanze urugero rwa Cambodge. Ati: “Muri iki gihe, leta irimo irafunga ibinyamakuru n’amaradiyo. Muri iyi ntambara, leta ya Cambodge ihora itanga urugero rwa Perezida Trump.”

Umukuru w’ishami ry’Umuryango w’Abibumbye ryita ku burenganzira bwa muntu, Zeid Ra’ad al Hussein/ Ijwi ry’Amerika

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Who are you?

Amategeko n'amabwiriza birkurikizwa