skol
fortebet

Somalia: Abasirikare ba Leta babohoje Elite Hotel yari yigaruriwe na al-Shabab

Yanditswe: Monday 17, Aug 2020

featured-image

Sponsored Ad

Itsinda ry’abasirikare kabuhariwe ba Somalia rivuga ko ryasoje ihagarara ry’ubuzima kuri hoteli yo mu murwa mukuru Mogadishu yari yagabweho igitero n’intagondwa za al-Shabab zigendera ku mahame akaze ya kisilamu.

Sponsored Ad

Abantu batari munsi ya 11 biciwe kuri ’Elite Hotel’ iri mu gace ka Lido kari ku mwaro w’inyanja, hiyongereyeho n’intagondwa eshanu, nkuko umuvugizi wa leta yabivuze.

Abateye ku munsi w’ejo ku cyumweru baturikije igisasu cyari giteze mu modoka iri hanze y’iyo hoteli, mbere yuko bayigarurira.

Iyi hoteli imaze igihe gito yubatswe, ni iy’umudepite, kandi ikunze kugendererwa n’abategetsi.

Ababibonye bavuze ko uko guturika kwa mbere ko mu modoka kumvikanye mu bice bitandukanye bya Mogadishu, haba akajagari ubwo abantu bahungaga ako gace.

Abakora mu nzego z’umutekano bahise bazitira iyo hoteli barasana n’abagabo bitwaje imbunda bari bari imbere muri hoteli.

Nyuma y’amasaha ane, Ismael Mukhtaar Omar, umuvugizi wa leta ya Somalia, yatangaje kuri Twitter ko icyo gitero kirangiye kandi ko abakigabye bose bishwe.

Bitangazwa ko mu bapfuye harimo n’umutegetsi mukuru wo muri minisiteri y’itangazamakuru ya Somalia ndetse n’undi wo muri minisiteri y’ingabo. Abandi bantu babarirwa muri za mirongo batangajwe ko bakomeretse.

Umuvugizi wa leta ya Somalia yavuze ko abantu barenga 200 barokowe muri iyo hoteli.

Urubuga rw’amakuru Dhacdoone rutegamiye kuri leta rwatangaje ko iyo hoteli ari imwe mu nyubako zirinzwe bikomeye i Mogadishu.

Itangazo ryatangajwe mbere kuri internet ryitiriwe umutwe wa al-Shabab ryagize riti:

"Aba-mujahideen [abarwanirira isilamu] bagabye igitero kirimo ubumaritiri [gupfa uzize imyemerere] n’itsinda ry’abakomando kuri hoteli y’umudepite wo mu itsinda ry’abatagira idini [leta ya Somalia]".

Al-Shabab, ikorana n’umutwe wa al-Qaeda, imaze imyaka irenga icumi ibiyogoza muri Somalia.

Yatsinzwe i Mogadishu n’ingabo za leta ya Somalia zifatanyije n’ingabo z’ibihugu bimwe - birimo n’u Burundi - zoherejwe n’umuryango w’Ubumwe bw’Afurika kubungabungayo amahoro.

Mu mezi abiri ashize, ibitero bya al-Shabab byariyongereye i Mogadishu.

Mu cyumweru gishize, muri gereza habayeho kurasana hagati y’imfungwa za al-Shabab n’abashinzwe umutekano, hapfa abantu batari munsi ya 20.

Izo ntagondwa - zari zashoboye kubona intwaro - zageragezaga gutoroka iyo gereza irinzwe bikomeye iri i Mogadishu.

BBC

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Who are you?

Amategeko n'amabwiriza birkurikizwa