Print

Abantu ibihumbi n’ibihumbi bari mu munezero wo gusezerera Mugabe

Yanditwe na: Iyamuremye Janvier 18 November 2017 Yasuwe: 1824

Abantu bari mu munezero ni bo bagaragara mu murwa mukuru wa Zimbabwe, i Harare, bitwaje ibyandiko bisaba Prezida Robert Mugabe gutanga ubutegetsi, imyigaragambyo yahindutsemwo gushima gisirikare cyamuhagaritse ku butegetsi.

Umunyamakuru wa BBC ducyesha iyi nkuru aravuga ko abari mu myigaragambyo bakomeje kunyuramo n’abasirikare ari nako babashimira.

Umugabo umwe yavuze ko uyu musi " ari uwo intango nshya".

Abarwaniye ubutegetsi kuva mu mwaka ushize bahoze bashyigikiye Mugabe baravuga ko akwiye kuva ku butegetsi.

Umugabo umwe wari mu myigaragambyo yavuze:" Nk’umunye Zimbabwe, tubwiye igisirikare cyacu tuti: Murakoze cyane ku bintu mwakoze mu mahoro.

"Ubu rero harageze ko abanye Zimbabwe benshi bavuga: Mugabe ategerezwa kuva ku butegetsi kandi ategerezwa kubuvaho. Ntidukeneye ko agaruka. kuri twebwe, n’ingoma nshya dutangiye.”

"Kuri twebwe n’impera y’ubutegetsi bw’umukazo, ubu tukaba tugiye gusubirana Zimbabwe yacu."

Prezida Mugabe w’imyaka 93, yamaze hafi iminsi itatu afungiye iwe kuva igisikare kimuhagaritse ku butegetsi ku munsi wa gatatu, ariko ku munsi wa gatanu yagiye ahabona.

Yavugiye ijambo muri kaminuza imwe aho harimo haratangwa impamyabumenyi.

Grace Mugabe si ho yari ari. Bivugwa ko yavuye mu gihugu ariko byaramenyekanye ku musi wa kane ko ari muhira iwe na Mugabe.

Igisirikare cyatembagaje ubutegetsi nyuma yo kwibaza uzasimbura Mugabe umaze ku butegetsi imyaka 37.

Yari yirukanye mu kazi Vis-Perezida we, Emmerson Mnangagwa mu mu cyumweru gishize, bigaragara ko ariko ari gucira inzira umugore wiwe Grace Mugabe, arusha imyaka irenga 40, kugira abe ari we uzamukorera mu ngata.
REBA AMAFOTO:

Abarwanye urugamba rwo kwibohora nti bashiygikiye prezida Mugabe


Iyo myigaragambyo ishyigikiwe n’igisirikare