Print

Amerika: Umusozi watabye abantu , 13 nibo byamaze kumenyekana ko bapfuye [AMAFOTO]

Yanditwe na: Nsanzimana Ernest 10 January 2018 Yasuwe: 841

Abantu 13 bahitanywe n’imisozi yabaguyeko kubera imvura nyinshi yaguye mu magepfo y’intara ya California muri Amerika nk’uko bivugwa n’abategetsi.

Abandi 163 bari mu bitaro, makumyabiri muri bo bafite ibikomere byavuye kuri iyo mvura nyinshi. Bane bakomeretse bikomeye.

Abantu 300 bivugwa ko babuze aho baca mu burengero bw’igisagara ca Santa Barbara.

Polisi ivuga ko akarere karangwamwo iyo misozi yabomotse gasa "n’ahabereye intambara ya mbere y’isi yose".

Iyo myuzure n’ibomoka ry’imisozi vyononye tumwe mu turere twari twasizwe iheruheru n’umuriro mwinshi, hamwe n’amabarabara makuru makuru yo ku kivuko ku birometero 48.

Abakozi bashinzwe gutabara bavuga ko hari abantu benshi bataramenyekana irengero ryabo kandi ko abitabye Imana bashobora kwiyongera.

Abategetsi w’abasirikare barwanira mu mazi bohereje indege nyinshi mu butabazi.

Ibi bibaye mu gihe nta mezi ane arashira intara ya California yibasiwe n’ ikongi ikomeye y’ umuriro wagije byinshi ukanahitana benshi.




BBC