Print

Koreya ya Ruguru yongewe ku rutonde rw’ibihugu bitemerewe kwinjira muri Amerika

Yanditwe na: Iyamuremye Janvier 25 September 2017 Yasuwe: 952

Abaturage bava mu bihugu 8 nibo bagiye gufatwa n’itegeko rishyashya ryasubiwemwo ribabuza kwinjira muri Leta zunze ubumwe z’Amerika, ryashyizweho umukono na Perezida Donald Trump kuri iki cyumweru.

Iryo tegeko rizatangira gushyirwa mu ngiro ku itariki ya 18 Ukwakira 2017, ryerekeye abaturage bo muri Chad, Irani, Libiya, Koreya ya ruguru, Somaliya, Siriya, Venezuela na Yemeni.

Abayobozi b’Amerika bavuga ko ibi bihugu byahakanye guhanahana amakuru na Amerika yerekeye iterabwoba n’ibindi bibazo by’umutekano.

Iryo tangazo ryasohowe rije mu gihe iryari risanzwe ryari ryafatiwe ibihugu 6 birwiriyemwo Abayisilamu.

Iri tegeko rishyashya ryongewemwo ibihugu bya Koreya ya ruguru, Venezuela na Chad rikurwamo Sudani yari yashyizwe mu rya mbere.

Ishyirahamwe mpuzamahanga ryishinzwe guharanira uburenganzira bwa muntu, Amnesty International ryaneguye iri tegeko.

Perezida Donald Trump aha ikiganiro Abanyamakuru imbere yuko yinjira indege imuvana Morristown muri Reta ya New Jersey agana Washington.