Print

Abatavugarumwe na Leta ya Kongo bateranye ngo bitoremo umukandida umwe

Yanditwe na: Nsanzimana Ernest 9 November 2018 Yasuwe: 882

Aba barongozi baserukiye imigambwe itavuga rumwe na leta, biyemeje ko itariki ya 15 z’ukwa cumi na rimwe izoshika bamaze kwumvikana ku mukandida umwe.
Iyo nama ibera i Geneve irimwo kandi abakandida batatu bankiwe kwitoza mu matora y’umukuru w’igihugu hamwe n’abandi bane bemerewe kwitoza.

Umwe mu bagize umugambwe UDPS yavuganye na BBC ari i Geneve, yavuze ko abo banyepolitike barimwo Moise Katumbi, uwahoze ari buramatari w’intara ya Katanga na Felix Tshisekedi umukuru wa UDPS.

Barimwo kandi Vital Kamerhe uwahoze ari umukuru w’inama nshingamateka hamwe na Jean Pierre Bemba yahoze ari umushirikiranganji wa mbere.