Print

US yafatiye ibihano abayobozi ba Uganda bashinjwa ibikorwa bibi mu matora

Yanditwe na: Dusingizimana Remy 17 April 2021 Yasuwe: 1342

Ibi byatangajwe n’umunyamabanga wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika Antony Blinken nyuma y’ifatwa ry’abarwanashyaka b’amashyaka atavuga rumwe n’ishyaka riri ku butegetsi muri Uganda.

Yanditse kuri Twitter ati: "Habayeho ingaruka zo kwivanga muri demokarasi".

Abatavuga rumwe n’ubutegetsi bavuga ko abantu barenga 400 baburiwe irengero nyuma yo gufatwa n’inzego zishinzwe umutekano mbere y’amatora yo mu kwa mbere.

Mu ntango z’iyi ndwi, abahinga ba ONU bakurikirana ibijanye n’uburenganzira bwa muntu zahamagariye abategetsi ba Uganda kuhagarika ingendo yo kuburabuza abo bahanganye muri politike.

Ku wa kane,leta ya Uganda yemeye ko yafunze abantu barenga 1.000 kubera impamvu z’amatora.

Ariko nta busobanuro bukwiye yatanze ku mpamvu bafunzwe n’aho bafungiwe.

Kuri bamwe, iri fatwa ryakozwe ku butegetsi bwa Yoweri Museveni ryibutsa iryakozwe ku butegetsi bwa Idi Amin mu myaka yo mu 1970.

BBC