Print

Impunzi muri Afrika y’Epfo Zirasaba Kwimurwa kubera ukuntu zihohoterwa

Yanditwe na: Joseph Iradukunda 17 June 2022 Yasuwe: 497

Impunzi muri Afrika y’Epfo zigiye kumara hafi ukwezi zirambaraye hanze y’ibiro vya HCR muri icyo gihugu.

Basaba kwimurirwa mu kindi gihugu kubera urwango abanyafurika y’epfo babafitiye rw’uko bava mu bindi bihugu.

Impunzi zahunze Uburundi, Repubulika ya demokarasi ya Kongo, Malawi, n’u Rwanda zivuga ko zidashobora gusubira mu bihugu zavuyemo kubera umutekano. Zemeza ko zitacyiyumvamo Afrika y’Epfo.

Zivuga ko amabutike yabo bakoreramo ubucuruzi yasahuwe, amazu yatwawe kandi badasiba guterwa no kuburabuzwa kubera urwango bangwa nk’abanyamahanga.

Imwe mu mpuzi yaganiriye na VOA yavuze ko bahunze ibihugu byabo, bahunze imibabaro itagira uko ingana. kandi ko bagiye muri Afurika y’Epfo, bahasanga imibabaro irenze.

Afurika y’epfo icumbiye abasaba ubuhungiro barenga 250.000. aba bose nibo basaba HCR kubimurira mu kindi gihugu gitekanye.

Ishyirahamwe mpuzamahanga ONU rizibuka umusi wahariwe impunzi. ONU ivuga ko uyu musi ushyitse kw’isi hari impunzi nyinshi isi itigeze ibona kuva haba intambara ya kabiri y’isi.

Mbere yuko Uburusiya butera Ukraine mu kwezi kwa kabiri, HCR ivuga ko miriyoni 89 zakuwe mu byazo kw’isi yose. Muri iki gihe intambara ya Ukraine yatumye abagera kuri miriyoni 100.


Comments

shaniya 17 June 2022

Ngaho rero urwanda nibabafate nkuko bashaka kuzana abo muri Londen niba bafitiye impuhwe impuzi