Print

Etiyopiya: Minisitiri w’intebe yahize gutsinsura umutwe OLA ashinja kwica abaturage

Yanditwe na: Joseph Iradukunda 8 July 2022 Yasuwe: 383

Minisitiri w’intebe wa Etiyopiya, Abiy Ahmed, yavuze ko agiye guhangana yivuye inyuma kandi agatsinda umutwe wiyemeje kubohoza abo mu bwoko bw’aba Oromo, (Oromo Liberation Army canke OLA).

Awushinja kwica mu buryo butandukanye mu bitero bibiri biherutse guhitana abasivili mu byumweru bitatu bishize.

Mw’ijambo yashikirije inama nshingamategeko kuri uyu wa kane, Abiy Ahmed, yagaye ashikamye ubwicanyi bwakorewe ubwoko bw’aba Amhara. Yavuze ko ari ibikorwa by’ubunyamaswa byakorewe ikiremwa muntu.

Ibitero biheruka byabaye ku musi wa mbere muri zone ya Wellega y’uburengerazuba, mu ntara ya Oromia. Abahasize ubuzima ntibaramenyekana umubare

Ubu bwicanyi bwakurikiye ubundi bwabaye mu kwezi gushize. Imibare itangwa na leta yerekana ko abagabo bitwaje ibirwanisho bishe abanyagihugu 338 bo mu bwoko bw’aba Amhara.

Reta ya Etiyopiya yegeka ubwo bwicanyi bwose ku mutwe witwara gisirikare, Oromo Liberation Army cyangwa OLA. Uyu mutwe uvuga ko uriho urwanira ubwigenge bw’aba Oromo, ubwoko bwa mbere bufite abanyagihugu benshi muri Etiyopiya.