Print

Koreya ya Ruguru Yateye Misile Hafi ya Koreya y’Epfo

Yanditwe na: Joseph Iradukunda 14 October 2022 Yasuwe: 887

Koreya y’epfo yavuze ko Koreya ya ruguru yateye misile yo mu bwoko bwa balistike iyerekeza mu mazi yayo yo mu gace k’uburasirazuba.

Umukuru w’ibiro bikuru bya gisirikare muri Koreya y’epfo, yavuga ko iyo misile yatewe mu rukerera rwo kuri uyu wa gatanu ariko nta makuru arenze ayo yatanze.

Uyu mutegetsi mu gisirikare yavuze kandi ko Koreya ya ruguru yagurukije indege mu ’ijro ryo kuwa kane no mu gatondo kuri uyu wa gatanu, hafi y’urubibi ibyo bihugu bisanzwe bikimbiranira ho.

Ibi byatumye Koreya y’epfo nayo yohereza mu kirere indege z’intambara ngo ihangane na Koreya ya Ruguru no kwirinda ko yaterwa ititeguye.

Umugi wa ko Koreya ya ruguru wasohoye itangazo rishinja Koreya y’epfo kurasa ibisasu hafi amasaha 10 imbande y’urubibi rwayo kuri uyu wa kane.