Mw’ijoro rigira cumi ubudasiba, igisirikare ca Amerika kivuga ko cagavye ibindi bitero kuri Irani, kikavuga ko ari uguhasha iki gihugu kugira ngo gihebe gutera amato aca muri wa Muhora wa Hormuz.
Ibi bitero vyabaye inyuma y’aho Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika ahigiye Irani ko azotegerezwa guhora urupfu rw’abasirikare ba Amerika.
Mu kwihora, Irani ivuga ko yaciye irasa amato abiri atwara igitoro muri iyo nzira yo mu mazi, hamwe no ku bigo vya gisirikare vya Amerika muri Bahrain na Koweit, nk’uko bitangazwa n’itororokanirizo ry’amakuru rya reta IRNA. Perezida Masoud Pezeshkian avuga ko ubu Irani iri mu “ntambara yuzuye” na Amerika.
Ubuyobozi bw’igisirikare ca Amerika mu karere (Centcom) bwanditse kuri X ko ivyo bitero bishasha vyagabwe ku “bigo vy’ubuyobozi bwa gisirikare, ibigo vy’ingabo zirwanira mu mazi, ibibanza birasiramwo ibisasu vya misire be n’ibirungikirwako za ndege zitajamwo abadereva [drone], hamwe ibigo vy’ingabo zirwanira mu kirere” vya Irani.
Centcom ivuga kandi ko amato y’ubudandaji yabandanije ingendo mu Muhora wa Hormuz.
Hagati aho, ikigo c’Ubwongereza kijejwe umutekano w’ingendo z’ubudandaji zo mu mazi (UKMTO) kivuga ko ubwato bumwe bwariko buca mu Muhora wa Hormuz bwamenyesheje ko bwarashwe igisasu kitamenyekanye, bituma abari muri bwo babuvamwo baja mu bwato bw’ubutabazi.
Ntivyamenyekanye neza nimba ubwo bwato buvugwa na UKMTO ari bumwe muri ayo Irani yavuze ko yarashe.
Ahandi muri ako karere, igisirikare ca Yorodaniya cavuze mu masaha yitereye y’ejo ku wa mbere ko camanuye ibisasu vya misire vya Irani bitatu, mu gihe inzamba zo kugabisha ibitero vya misire zumvikanye mu gihugu cose aburira ko hari ibitero vyariko biraza.
Imbere y’aho, igisirikare ca Koweit cavuze ko cakoroye amadrone ya Irani.
Bahrain na yo ivuga ko ama-drone yarungitswe na Irani yari atumbereye ubuhinga bwayo bwo kuyobora uruja n’uruza rwo mu kirere, ariko ko ingendo z’indege zitahungabanye.
Ibi bitero byabaye nyuma y’uko Perezida wa Amerika, Donald Trump, avuze ko Iran izaryozwa urupfu rw’abasirikare ba Amerika.
Mu gusubiza, Iran yatangaje ko yahise irasa amato abiri atwara peteroli anyura muri uwo muhora, ndetse inatera ibigo bya gisirikare bya Amerika biri muri Bahrain na Koweït, nk’uko byatangajwe n’Ibiro Ntaramakuru bya Leta ya Iran (IRNA). Perezida Masoud Pezeshkian yavuze ko igihugu cye ubu kiri mu “ntambara yeruye” na Amerika.
Ubuyobozi bw’Ingabo za Amerika mu Burasirazuba bwo Hagati (CENTCOM) bwanditse ku rubuga rwa X ko ibyo bitero byibasiye ibigo bikuru by’ubuyobozi bwa gisirikare, ibigo by’ingabo zirwanira mu mazi, ahabikwa n’ahasohorerwa misile, ibigo byoherezwamo drones, ndetse n’ibigo by’ingabo zirwanira mu kirere bya Iran.
CENTCOM yanavuze ko amato y’ubucuruzi yakomeje kunyura mu Muhora wa Hormuz nta nkomyi.
Hagati aho, Ikigo cy’u Bwongereza gishinzwe umutekano w’ingendo zo mu mazi z’ubucuruzi (UKMTO) cyatangaje ko ubwato bumwe bwanyuraga mu Muhora wa Hormuz bwarashwe igisasu kitaramenyekana inkomoko yacyo, bituma ababurimo babuvamo bajya mu bwato bw’ubutabazi.
Ntabwo haramenyekana niba ubwo bwato bwavuzwe na UKMTO ari bumwe mu yo Iran yavuze ko yarashe.
Ahandi muri ako karere, Igisirikare cya Yorodaniya cyatangaje ko mu rukerera rwo ku wa Mbere cyahanuye misile eshatu za Iran, mu gihe impuruza ziburira abaturage ibitero bya misile zari zumvikanye hirya no hino mu gihugu.
Mbere yaho, Igisirikare cya Koweït na cyo cyari cyatangaje ko cyaburijemo drones za Iran.
Bahrain na yo yavuze ko drones zoherejwe na Iran zari zigamije kwibasira uburyo bwayo bwo kuyobora urujya n’uruza rw’indege, ariko ko ingendo z’indege zitigeze zihungabana.
Leave a Reply
Your email address will not be published. Required fields are marked *