skol

Uwahoze ari Jenerali yiyemeje kurwanya ibyihebe ku giti cye

Amakuru   Yanditswe na: Joseph Iradukunda 30 April 2022

Liyetena Jenerali (Lt Gen) Sami Sadat avuga ko amezi umunani y’ubutegetsi bw’aba Taliban yatumye abenshi mu banya Afghanistan batahura ko inzira ya gisirikare ari yo yonyene ishobora guhindura ibintu.


Liyetena Jenerali (Lt Gen) Sami Sadat avuga ko amezi umunani y’ubutegetsi bw’aba Taliban yatumye abenshi mu banya Afghanistan batahura ko inzira ya gisirikare ari yo yonyene ishobora guhindura ibintu.

Avuga ko intambara ishobora gutangurana mu kwezi gutaha nyuma y’umusi mukuru wa Eid al-Fitr w’idini ya Islam, ariyo mpamvu akaba ariho yitegura gusubira muri Afghanistan.

Aba Taliban bafashe ubutegetsi nyuma y’intambara yabaye ku muvuduko uteye ubwoba mu kwezi kwa 8 k’umwaka ushize.

Izi nyeshamba zigendera ku matwara akaze y’idi ya Islam bafashe igihugu mu misi cumi yonyine, igihe ingabo za nyuma za OTAN zari ziyobowe na Amerika zatahukiye nyuma y’imyaka 20 zari zimaze mu bikorwa bya gisirikare muri icyo gihugu.

Avuga ubwa mbere ku bijanye n’imyiteguro y’iyi ntambara, Lt Gen Sadat yabwiye BBC ko we na bagenzi be bazakora "ibishoboka byose kugira ngo bakure Afghanistan mu nzara za Abataribani maze bagarukane ubutegetsi bushingiye ku mategeko rusange.

Yongeye ho ko nibatagera ku bwigenge bifuza bazakomeza intambara uko byagenda kose.

Uyu mujenerali aravuga uburyo aba Taliban bakomeza kugarura ubwicanyi bwo guhotora abantu harimo kubanyonga birenze, kwangiza uburenganzira bwa muntu no guhohotera abagore n’abakobwa - akavuga ko igihe kigeze ngo bahagarike amategeko ahonyora uburenganzira bagatangira urugendo rushya.

Author : Joseph Iradukunda

Ibitecyerezo

  • Who are you?

    Amategeko n'amabwiriza birkurikizwa


Inzindi nkuru

RDC: Mu ijwi riranguruye Abajepe basabye Perezida Tshisekedi kubaha intwaro...

Abarinda Perezida Felix Tshisekedi wa Repubulika ya Demokarasi ya Kongo...
24 June 2022 0

#CHOGM2022: Boris Johnson yashinje Putin guteza inzara ku isi

Minisitiri w’intebe w’Ubwongereza Boris Johnson yashinje Perezida Vladimir...
24 June 2022 0

Hamenyekanye impamvu ya myigaragambyo yo gutwika "Made in Rwanda"I Goma...

Umuyobozi w’Akarere ka Rubavu, Kambogo Ildephonse yatangaje ko akomeje...
24 June 2022 0

M23 winjiye mu ntambara yo kongera gufata Rumangabo no kwerekeza I...

Umutwe wa M23 wakomeje imirwano kugira ngo wongere gufata ikigo cya...
24 June 2022 0

Perezida Ndayishimiye yiyemeje guhana abapolisi bamunzwe na ruswa ku kibuga...

Perezida Evariste Ndayishimiye yemeje ko abapolisi bakorera ku kibuga...
24 June 2022 0

Abasirikare ba Ukraine babwiwe kuva muri Severodonetsk

Abasirikare ba Ukraine bari mu mujyi wa Severodonetsk mu burasirazuba...
24 June 2022 0