skol
fortebet

İlkay Gündoğan ashobora gusubira muri Manchester City

Yanditswe: Tuesday 20, Aug 2024

featured-image

Sponsored Ad

Nyuma y’umwaka umwe İlkay Gündoğan ,ashobora gutandukana na FC Barselona kubera ibibazo byo kubura umwanya wo gukina, agasubira muri Manchester City yahoze akinira muri English Premier League .

Sponsored Ad

Mu mwaka wa 2023 nibwo Gündoğan yasohotse muri Man City kuko amasezeranoye yarageze ku musozo.

Iy’ikipe yaramazemo imyaka 7 agatwarana nayo ibikombe 5 bya Shampiyona n’Igikombe kimwe cya Champions Legue, yayivuyemo yerekeza muri FC Barselona yo muri Esipanye.

Nyuma y’umwaka umwe ari muri Barselona ibarizwa mu mugi wa Catalonia ,uyu mukinnyi w’imyaka 33 ukina hagati mu kibuga ,agomba gutandukana nayo kuko abona ntamwanya azabona uhagije .

Barselona yamaze gusinyisha Dani Olmo imukuye muri RB Leipzig kuri miliyoni 55 zama pawundi bituma Ilkay Gundogan ashobora kubura umwanya.

Barselona kandi iravugwamo ibibazo by’amikoro no kugabanya imishahara y’Abakinnyi.

Umutoza wa Manchester City Pep Guadiola, yatangaje ko niba Barselona yifuza kurekura Ilkay Gundogan imiryango ifunguye muri Man City yahoze akinira.

Ilkay Gundogan ntago arafata icyemezo kuko arifuzwa na makipe yo muri Qatar na Saudi Arabia.


Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Who are you?

Amategeko n'amabwiriza birkurikizwa